Ahavuye isanamu, Duchess of Sussex
- Umwanditsi, André Rhoden-Paul
- Igikorwa, BBC News
Umutambukanyi w’igikomangoma Harry c’Ubwongereza yashize hanze amafoto y’umwana wabo umuganwakazi Lilibet ku munsi wo guhimbaza imyaka ine amaze avutse.
Meghan yashizeko ifoto ari mw’ibara ryirabura n’iryera ariko arahobera umukobwa wiwe, yicaye ku bibero vyiwe, bompi bafise imishatsi ihuhwa n’umuyaga, basa n’abari mu bwato.
Ifoto ya kabiri yerekana Meghan ariko arahendahenda umuganwakazi akiri uruyoya mu 2021.
Meghan yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram ati: “Isabukuru nziza y’amavuko ku mukobwa wacu mwiza! Haciye imyaka ine uje mu buzima bwacu – kandi umusi wose urarushiriza gukayangana kandi urushiriza kuba mwiza.”
“Ndashimira abo bose bamweretse urukundo no guhimbaza umusi wiwe udasanzwe!”
Meghan akenshi ashirako gusa amafoto y’umuganwakazikazi yafotowe araba inyuma kugira ngo akingire ubuzima bwiwe bwite, ariko mw’ifoto iherutse gusohoka urashobora kubona amaso ya Lilibet n’igice co hejuru c’isura yiwe, igice co hasi kikaba gipfutse n’amaboko ya Meghan uko ariko arahobera umukobwa wiwe.
Uwo muganwakazi – umwana mutoyi wa Meghan n’umugabo wiwe umuganwa Harry – yavutse kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2021, haciye umwaka abavyeyi biwe bivanye mu muryango w’ibwami, bakimukira muri Amerika.
Yaciye aba umuganwakazi igihe sekuru Umwami yimikwa.
Abo bavyeyi babiri barafise uwundi mwana yitwa umuganwa Archie afise imyaka itandatu.
Ahavuye isanamu, Duchess of Sussex
Ku wa kabiri, Meghan yavuze ko yibaza ivyerekeye gutanguza ubucuruzi bwo muri kazoza n’umukobwa wiwe igihe yariko arayaga na nyina wa Beyonce Tina Knowles ku kiganiro ciwe citwa Confessions Of A Female Founder.
Uwo mugore w’igikomangoma yavuze ati: “Nibaza ko umusi umwe nzokorana na Lili maze tukagira ico twubatse”, Knowles yongerako ati: “Ivyo ni vyo vyiza kuruta ibindi vyose.”
Mu ndwi iheze, uwo mugore w’umwamikazi yashize hanze amasanamu yiwe n’umwana wiwe bariko barahakura ubuki bambaye impuzu zo kwikingira.
Lilibet yitwa izina rya inakuru wiwe Umwamikazi Elizabeti wa kabiri.
Iryo ritazirano ryatanguye igihe uwo Mwamikazi Elizabeti yari akiri umwana mutoyi kandi atashobora kuvuga neza izina ryiwe.
Sekuru wiwe Umwami George V yamwita Lilibet abigiranye urukundo, akigana ukuntu yagerageza kuvuga izina ryiwe. Iryo zina ryarafashe maze iraza gukoreshwa n’incuti za hafi.