Meghan yashize hanze amafoto mashasha ya Lilibet ku munsi wo guhimbaza imyaka ine amaze avutse


Meghan ateruye Lilibet mu maboko

Ahavuye isanamu, Duchess of Sussex

  • Umwanditsi, André Rhoden-Paul
  • Igikorwa, BBC News

Umutambukanyi w’igikomangoma Harry c’Ubwongereza yashize hanze amafoto y’umwana wabo umuganwakazi Lilibet ku munsi wo guhimbaza imyaka ine amaze avutse.

Meghan yashizeko ifoto ari mw’ibara ryirabura n’iryera ariko arahobera umukobwa wiwe, yicaye ku bibero vyiwe, bompi bafise imishatsi ihuhwa n’umuyaga, basa n’abari mu bwato.

Ifoto ya kabiri yerekana Meghan ariko arahendahenda umuganwakazi akiri uruyoya mu 2021.

Meghan yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram ati: “Isabukuru nziza y’amavuko ku mukobwa wacu mwiza! Haciye imyaka ine uje mu buzima bwacu – kandi umusi wose urarushiriza gukayangana kandi urushiriza kuba mwiza.”



Source link

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *